Ibijanye n'ubu buhinga ngurukanabumenyi
Kino cegeranyo giciye kubuhinga ngurukana bumenyi gifise intumbero yo kworosha itangwa ry’amakuru tubicishije kuri (Flash Update, Rapport de situation be na Bulletin humanitaire) bitandukanye n’ubuhinga bwahahora budahinduka bwa PDF. Bizoza biratanga inkuru ku mwanya ku mwanya.
Ubwo buhinga bufasha kandi gucungur’umwanya biciye kukungene haba hasanzweho ishusho y’icegeranyo giheruka, kukaba aruguhinduriramwo gusa be nuguhanahana ibikenewe. Ubugira kabiri, hategekanijwe no gucishaho inkuru zivuye ahandi. Bigafasha gose kwerekana isano riri hagati y’ubuhinga butandukanye bwo gutanga inkuru na canecane bigafasha mugikorwa c’isuzuma. Ribicishije kurubwo buhinga ngurukanabumenyi bwerekana ibikorwa vyaryo, ibiro OCHA bizoba biriko bitezimbere ubuhinga bwo gutanga inkuru zerekeye imbabare.